Uko wahagera

USA: Sena Iratangura Imburano kuri Perezida Donald Trump


Inyubakwa y'inama nshingamateka na sena vya Reta zunze ubumwe z'Amerika.
Inyubakwa y'inama nshingamateka na sena vya Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Abashingwamanza ba perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump kuri uyu wa mbere bararwanije umugambi bise wo kumukura ku butegetsi, bavuga ko ari umugambi mubi cane kandi uteye kubiri n’ibwirizwa shingiro.

Ni mu gihe abasenateri batangura kuri uyu wa kabiri kwinjira mu mizi y’urubanza kuvyaha vyagirizwa Trump.

Abashingwamanza biwe bavuga ko ata caha yakoze mu guhamagarira Ukraine gutanguza amatohoza yari atumbereye kumwungukira muri poritike. Bemeza ko abademokrate badakeneye kumenya ukuri ku vyabaye, ariko ko bashaka guhanagura ivyavuye mu matora yo mu 2016.

Ibiro vya perezida vyiteze ko izo mburano zizonyaruka zikamara indwi zibiri, ariko kandi zishobora kuba ndende kurusha mu gihe abademokrate muri Sena boshobora kwigarurira abasenateri bane b’abarepublikani kugira basabe gutumako ibindi vyabona mu bafasha ba Trump bazi ibitari bike kuri dosiye yagirizwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG