Uko wahagera

USA: Abazoburanira Perezida Trump muri Sena Bariteguye Kumweza


Umushingwamanza Alan Dershowitz ari mu bazoburanira Trump muri Sena.
Umushingwamanza Alan Dershowitz ari mu bazoburanira Trump muri Sena.

Abazogira uruhara mu mburano zitumbereye gukura Perezida Donald Trump ku butegetsi hamwe n’abamuburanira baribaza nimba utwigoro twiwe two gusaba Ukraine gukora amatohoza yari kumwungukira muri politike ari icaha kiremereye cotuma akurwa ku butegetsi.

Umwe mubashingwamanza bazomuburanira, Alan Dershowitz, yashikirije ko azobwira abasenateri ko naho hazogaragara ivyemeza ko Trump yaciye kubiri n’amategeko, bitoshirwa ku rugero rwo kumukura mu ntebe y’umukuru w’igihugu.

Ivyaha biregwa Trump vyarungitswe muri Sena mu ndwi iheze, nayo imburano zizotangura kuri uyu wa kabiri.

Abasenateri nibo bazemeza nimba Trump yarakoze ivyaha bikomeye, ibwirizwa shingiro ryemeza ko Perezida akurwa ku butegetsi. Mu gihe izo mburano zegereje, abarepublikani biganje muri Sena basa n’abatiteguye kwegeka ivyo vyaha kuri Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG