Uko wahagera

Etiyopiya Yitabaje Ramaphosa Kubahuza mu Matati na Misiri


Urugomero Grand Renaissance Dam rwubatswe ku ruzi Nile muri Etiyopiya.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed kuri uyu w’Imana yasavye perezida wa Afrika y’epfo Cyril Ramaphosa kubumvikanisha na Misiri mu matati bafitaniye ku rugomero rwubatswe ku ruzi Blue Nile.

Imigenderanire hagati y’ivyo bihugu yatanguye gutosekara kuva mu 2011, Etiyopiya itanguye kwubaka urwo rugomero rw’umuyagankuba, kuko Misiri izeye uburaro n’uburamuko kuri ayo mazi y’urwo ruzi.

Abiy, yitabaje Ramaphosa mu kubahuza kuko ariwe agiye gusubirira Misiri ku burongozi bw’umuryango w’ubumwe bw’Afrika muri uku kwezi.

Umushikiranganji wa Misiri ajejwe ivy’amazi ntaco yashimye gushikiriza nimba bazokwemera Afrika y’epfo nk’umuhuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG