Uko wahagera

Abashingamateka b'Amerika Babujije Trump Gutera Irani


Umukuru w'inama nshingamateka Nancy Pelosi yishura ibibazo vy'abanyamakuru mu ngoro y'abashingamateka, Kw'italiki 08/01/2020.

Abashingamateka batewe umutima uhagaze n’ukwihutira kuja mu ntambara na Irani batoye bongera baremeza itegeko ribuza Perezida Donald Trump gufata ingingo za gisirikare kuri Irani adahawe uburenganzira.

Iyo nteguro y’itegeko yateguwe n’abademokrate inyuma y’aho Trump ategekeye kwica umukomanda wa Irani Qassem Soleimani.

Abademokrate benshi na bamwe mu barepublikani bavuze ko batanyuzwe n’insiguro za reta ya Trump kucatumye Soleimani yicwa kirya gihe.

Sena igenzurwa n’abarepublikani nayo nyene itegekanya kuzoritora, ariko nta mahirwe ko rizorengana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG