Uko wahagera

Perezida Putin na Erdogan Basaba Ihagarikwa ry'Intambara muri Libiya


Ba Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya na mu genzi we wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan mu kiganiro n'abanyamakuru i Istambul. Kw'italiki 08/01/2020

Perezida w’Uburusiya na mugenzi we wa Turukiya basaba ihagarika ry’intambara muri Libiya kuva kuri uyu w’Imana, aho impande zibiri ziriko zirwanira ubutegetsi.

Abo bategetsi bavuga ko intambara muri Libiya ituma amahoro n’umutekano mu bihugu bibanyi no mu karere ka mediterane no ku mugabane w’Afrika bihungabana.

Ivyo bivuzwe mu gihe Turukiya yatanguye kurungika abasirikare bayo muri Libiya gushigikira reta yemewe n’amakungu y’i Tripoli.

Haruhande y’ivyo, umushikiranganji wa mbere wa Libiya, Fayez Sarraj yarabonanye n’abategetsi b’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya i Buruseli mu Bubiligi kuri uyu wa gatatu, mu gihe uwo badacana uwaka General Khalifa Haftar, nawe yabonanye n’umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, Giuseppe Conte.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG