Uko wahagera

USA: Trump Yoba Agiye Kuzobuzwa Kwitanguriza Intambara Ubwiwe?


Nancy arongoye inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z'Amerika
Nancy arongoye inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z'Amerika

Abashingamateka bo mu mugambwe w’abademokrate biganje mu nama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z’Amerika bategekanya gutora itegeko ribuza Perezida Donald Trump gutanguza intambara na Irani. Ni inyuma y’aho ategekeye igitero cahitanye umukomanda akomeye muri Irani.

Umukuru w’inama nshingamateka, Nancy Pelosi yashikirije ko bagiye gutora kw’itegeko ritanga ububasha bwo gutanguza intambara, kuko amakenga bashikirije umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Mike Pompeo hamwe n’abandi bategetsi bo hejuru atagaciro bayahaye.

Itegeko ryo mu 1973 rirabana n’intambara, rivuga ko reta isabwa kumenyesha inama nshingamateka igihe iba igomba kugaba ibitero bikomeye vya gisirikare.

Ntankeka iyo nteguro y’itegeko izokwemezwa n’abashingamateka ariko nta mahirwe rifise yo kwemezwa na Sena yiganjemwo abarepublikani.

Hagati aho ku mugoroba wo kuwa gatatu, roketi zibiri zaratewe mu gace k’i Baghdad gacungerwe cane, ahari ama ambasade z’ibihugu bitari bike haromwo na Reta zunze ubumwe z’Amerika, harimwo n’iya Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Abategetsi ba Iraki bavuga ko ata muntu yakomeretse kandi ata baravyiyitirira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG