Uko wahagera

Sudani: Ibinyamakuru Vyafashwa na Bashir Vyafuswe Burundu


Imwe mu maradiyo yo muri Sudani

Igihugu ca Sudani cahagaritse ibinyamakuru bibiri vyandika hamwe na televiziyo zibiri kuri uyu wa kabiri. Reta isigura ko ivyo binyamakuru vyahabwa amafaranga na reta ya Omar al-Bashir yakuwe ku butegetsi mu mwaka uheze.

Iyo ngingo yafashwe na komisiyo yashizweho na reta mfatakibanza ya Sudani, komisiyo ishinzwe gusambura amashirahamwe yose afise aho ahuriye na Bashir hamwe n’umugambwe wiwe wahagaritswe, National Congress Party mu congereza.

Ibinyamakuru vyahagaritswe ni Al-Sudani na Al-Ray Al-Am, hamwe na televiziyo Ashrooq na Teeba, nkuko umwe mu bagize iyo komisiyo yabishikirije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG