Uko wahagera

Irani Yateye Misile Zirenga Cumi ku Kambi 2 z'Amerika muri Iraki


Ikambi ya Al-Asad mu burengero bw'ubugaragwa bwa Anbar muri Iraki.
Ikambi ya Al-Asad mu burengero bw'ubugaragwa bwa Anbar muri Iraki.

Irani yarateye ibigendajuru vya misile birenga cumi ku kambi zibiri zo muri Iraki z’abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika barwanira mu kirere. Vyashikirijwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Amerika.

Amakuru ya mbere yavuga ko ikambi ya al-Asad ariyo yatewe roketi. Ubwo bushikiranganji mu nyuma bwavuze ko n’ikambi ya Irbil yatewe.

Igisirikare ca Irani carungitse ubutumwa buvuga igitero ca misile cagenze neza, kivuga ko ari ukwihora urupfu rwa Qassem Soleimani, yari umukomanda mu gisirikare ca Irani.

Ntacavuzwe kuvyoba vyononekaye canke aboba bapfuye, ariko ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika buvuga ko buriko burakora kugira bumenye ivyoba vyononekaye.

Perezida Donald Trump yaramenyeshejwe ivyo bitero kandi atako arabonana n’abategetsi begwa ubwa mbere n’ibibazo vy’umutekano aribo umushikiranganji wo kwivuna abansi Mark Esper hamwe n’uw’imigenderanire n’ayandi makungu Mike Pompeo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG