Uko wahagera

Ikambi y'Igisirikare c'Amerika muri Iraki Yatewe na Irani


Ikambi Al-Asad mu burengero bw'intara ya Anbar desert, muri Iraki, kw'italiki 29/12/2019.

Ikambi al-Asad yo muri Iraki irimwo abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika barwanira mu kirere yatewe ibisasu vyo mu bwoko bwa roketi bishika 10 kuri uyu wa kabiri, nkuko amakuru ava mu gisirikare c’Amerika yabibwiye Ijwi ry’Amerika.

Ayo makuru avuga kandi ko Amerika ivuga ko atakirahinduka, Amerika izogaba ibitero vyo kwivuna igihe bizokenerwa kugira bahagarike ibitero ku basirikare bayo mu karere.

Irani iramaze kwemera ko izi ivyo bitero. Al-Asad iri mu ntara ya Anbar muri Iraki.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG