Uko wahagera

Imiriro muri Australiya Irabangamiye Bamukerarugendo


Imyotsi y'imiriro yo mw'isahamba ku nkengera z'ikiyaga Conjola, muri Australia, kw'italiki 02/01/2020
Imyotsi y'imiriro yo mw'isahamba ku nkengera z'ikiyaga Conjola, muri Australia, kw'italiki 02/01/2020

Abategetsi mu bumanuko bwa Australia bafashe ingingo yo guteganya akarere bamukerarugendo bahungiramwo imiriro yo mu mashamba yasanganguye imiliyoni z’amahegitari kuva mu kwezi kw’icumi.

Abategetsi bashinze imisi indwi y'igihugu kiri mu bihe bidasanzwe kuva kuri uyu wa gatanu, kugira bahe akaryo abarwanya imiriro ko guhimiriza abantu guhunga uduce tubangamiwe.

Gushika ubu abantu 17 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye abandi 17 nyene baraburirwa irengero kuva iyo miriro itanguye kwaduka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG