Inama nshingamateka ya Turukiya yatanze uburenganzira bwo kurungika abasirikare muri Libiya gushigikira reta yemewe na ONU kurwanira umurwa mukuru Tripoli.
Iyo ngingo iha uburenganzira reta ya Perezida Recep Tayyip Erdogan bwo kurungika mu kiringo c’umwaka abasirikare muri Libiya. Ababikurikiranira hafi bashikiriza amakenga ko inteko za Turukiya zishobora gutuma imirwano yiyongera no gutosekana akarere.
Umushikiranganji wa mbere wa reta ya Tripoli, Fayez Sarraj ashikiriza ko bipfuza kwigiza inyuma abasirikare ba Jenerali Khalifa Haftar, ashigikiwe na Misiri, Arabiya Sawudite, hamwe na Emirat zunze ubumwe z’Abarabu.
Facebook Forum