Uko wahagera

USA: Giuliani Ashobora Kuzokwitaba Sena mu Mburano Kuri Trump


Rudy Giuliani, yahoze umukuru w'igisagara ca New York City.

Rudy Giuliani, umushingwamanza wa Perezida w’Amerika Donald Trump, ashikiriza ko ashobora kuzokwemera kubazwa mu mburano zimirije muri Sena kuvyagirizwa Trump. Yabishikirije ku musi wa kabiri, avuga kandi ko azokora uko ashoboye kugira Trump yezwe.

Giuliani yaragize uruhara mu gusunika Ukraine gutanguza amatohoza ku nyungu za politike za Trump.

Perezida Trump yegetsweko ivyaha bibiri n’inama nshingamateka y'Amerika mu kwezi guheze, ko yakoresheje ubutegetsi arimwo ku nyungu ziwe bwite no kuburizamwo ibikorwa vy’abashingamateka.

Mu gihe Giuliani yokwemera kuzobazwa no kwisigura imbere ya Sena y’Amerika kuvyagirizwa Trump, vyotanga umuco kuvyabaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG