Uko wahagera

Abakomeretse mu Gitero i Mogadishu Bajanywe Kuvurwa muri Turukiya

Abaforoma batwaye uwakomeretse ngo yurizwe indege kuvurirwa muri Turukiya. Ni inyuma y'igitero cabereye Mogadishu, muri Somaliya. isanamu yafashwe italiki 29/12/2019, 2019.
Abaforoma batwaye uwakomeretse ngo yurizwe indege kuvurirwa muri Turukiya. Ni inyuma y'igitero cabereye Mogadishu, muri Somaliya. isanamu yafashwe italiki 29/12/2019, 2019.

Abantu bashika kuri 16 mubakomeretse bikomeye mu gitero ca bombe yari yatezwe mu modokari ku musi wa gatandatu i Mogadishu muri Somaliya batwawe kuvurirwa muri Turukiya, nkuko bishikirizwa n’abategetsi ba reta ya Somaliya.

Ico gitero cahitanye abashika 90 kandi abanyeturukiya babiri bari mu bantu 127 bahakomerekeye.

Nta murwi n’umwe uriyitirira ico gitero ariko umwe mu basesangura ivya Somaliya yatangarije Ijwi ry’Amerika ko ibimenyetso vyose bikwiye kugira citirirwe umurwi w’intagondwa za al-Shabab.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG