Uko wahagera

USA: Trump Arabandanya Kwidogera Abademokrate Bamwedetse


Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika.
Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump kuri uyu wa kane yabandanije kwifatira mu gahanga abashingamateka b’abademokrate bagomba kumukura ku butegetsi.

Ni mu gihe ivy’imburano muri Sena bisa n’ibirimwo ukutumvikana mubijanye n’amategeko.

Mu butumwa ku rubuga Twitter, Trump yanebaguye abademokrate mu kuvuga ko abashingamateka bamwagirije igihutihuti kugira ngo bamukure kuko abangamiye umutekano mu gihugu. Ubu naho ati: “Bariko baradindiza kurungikira sena ingingo zibiri zinyagira ngo nayo imburanishe.

Umukuru w’inama nshingamateka Nancy Pelosi yahisemwo kuba arabangiriye kurungika izo ngingo zibiri bamwagiriza kurenga muri Sena ngo imburano zitangure. Pelosi avuga ko azorindira kugeza abasenateri bumvikanye ku mategeko azogenga urwo rubanza.

Perezida Trump yagirizwa gukoresha umwanya w’umukuru w’igihugu ku nyungu ziwe bwite, no kubangamira ibikorwa vy’inama nshingamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG