Uko wahagera

Centrafrika: Abashika 30 Barishwe mu Mirwano i Bangui


Abantu baraba uwishwe aryamitswe ku musigiti wa Ali Babolo, mu karere ka PK5. Vyabaye kw'italiki 26/12/2019.

Abantu bashika 30 barishwe mu gutana mu mitwe kwabaye hagati y’abitwaje ibirwanisho hamwe n’abadandaza mu micungararo y’umurwa mukuru Bangui ahitwa PK5, muri Republika ya Centrafrika.

Indongozi mw’idini rya kiyisilamu kuri uyu wa kane yashikirije ko iyo mishamirano yatanguye inyuma y’aho abadandaza muri ako karere bafatiye ibirwanisho, bahakana amatagisi batozwa yashizweho n’imihari yitwaje ibirwanisho.


Baba inteko za ONU muri Centrafrika, MINUSCA, canke abategetsi b’igihugu, nta na bamwe barashobora kwigarurira ako karere kiswe PK5.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG