Uko wahagera

Noheli Wagizwe Umusi w'Akaruhuko muri Sudani


Abanyagihugu muri Sudani

Mu gihe isi yose ihimbaza Noheli kuri uyu wa gatatu, Reta mfatakibanza ya Sudani yatangaje ejo kuwa kabiri ko uyu musi mukuru wa Noheli ugiye kuzoza uraba umusi w’akaruhuko mu gihugu. Bibaye ku ncuro ya mbere inyuma y’imyaka itari mike yari ihaciye bitaba.

Umushikiranganji w’igihugu ajejwe ivy’amadini, Nasraddeen Mufreh yavuze ko iyo ngingo ari impinduka ya politike ikomeye ifashwe uyu mwaka.

Umushikiranganji Mofreh yavuze ko reta mfatakibanza yiyemeje gukora ku buryo abanyagihugu baronka uburenganzira bwose bahabwa n’ibwirizwa shingiro ryateweko umukono mu kwezi kwa munani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG