Uko wahagera

Imburano Kuvyagirizwa Perezida Trump Zirateye Impari muri Sena


Umukuru w'umurwi w'abarepublikani muri Sena y'Amerika Mitch McConnell, atanga ikiganiro n'abanyamakuru i Washington, Kw'itariki 19/12/2019.
Umukuru w'umurwi w'abarepublikani muri Sena y'Amerika Mitch McConnell, atanga ikiganiro n'abanyamakuru i Washington, Kw'itariki 19/12/2019.

Umukuru w’umurwi w’abarepublikani muri Sena ya Reta zunze ubumwe z’Amerika Mitch McConnell yashikirije ko Abarepublikani muri Sena batashize ku ruhande iciyumviro co gutumako ivyabona mu mburano ku vyaha vyagirizwa Perezida Donald Trump.

Mu ndwi iheze, uwo mukuru w’abarepublikani muri sena yari yaranse icipfuzo catanzwe n’umukuru w’inkehwa z’abademokrate muri Sena, Chuck Schumer co gutumako abategetsi bane bo muri reta ya Trump gushikiriza ivyo bazi muri izo mburano.

Abo bategetsi barimwo uwahoze ari umujenama muvy’umutekano mu gihugu, John Bolton, hamwe n’umunyamabanga mukuru mu biro vya Perezida Mick Mulvaney.

Abo bategetsi baranse no kwitaba inama nshingamateka, mu gihe yariko irarondera kumenya ivyaha Trump yoba yarakoze.

Perezida Trump yagirijwe n’inama nshingamateka gukoresha umwanya wiwe w’umukuru w’igihugu ku nyungu ziwe bwite no kutorohereza ibikorwa vy’abashingamateka bariko baramutohozako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG