Uko wahagera

Ni Kuki Reta ya Zambiya Yirukanye Ambasaderi w'Amerika?


Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika muri Zambia, Daniel L. Foote
Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika muri Zambia, Daniel L. Foote

Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika catumyeko ambasaderi waco muri Zambia.

Ni inyuma y’aho perezida w’ico gihugu asabiye ko uwo mudiplomate avanwa muri ayo mabanga kubwo kunebagura ifungwa ry’abagabo babiri babana bahuje ibitsina, nkuko amakuru ava muri iyo ambasade yabishikirije kuri uyu wa mbere.

Ambasaderi Daniel Foote yiyamirijwe inyuma y’aho avugiye ko ahangayikishijwe n’abagabo babiri baciriwe gufungwa imyaka 15.

Ambasaderi Foote yongeye asaba reta ya Zambia gusubiramwo amategeko yise ko avangura.

Perezida Edgar Lungu, ari ku butegetsi kuva muri 2015, aranebagurwa n’amakungu kubwo kuzivya abatavuga rumwe nawe no kurondera gutsimbatara ku butegetsi, mu gihe amatora yimirije mu 2021.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG