Uko wahagera

Al Shabab Yarishe Abasirikare Bane n'Abasivile Bane


Abanyesomaliya bateruye umuntu yishwe n'igitero ca mombe ku nyubakwa ya reta i Mogadishu, Somaliya.

Umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab uremanga ko wakoze igitero co kwiyahura mu gutega bombe mu modokari yari igamije kwica intwazangabo za gisirikare mu gisagara ca Galkayo, hagati muri Somaliya. Ico gitero cahitanye abantu 8 hakomereka abandi 55 ku musi wa gatandatu.

Ababibonye babwiye Ijwi ry’Amerika ko iyo modokari yasambutse igihe abategetsi ba gisirikare bariko bava mw’ihoteri bagiye mu nama yo gusubiza hamwe.

Abategetsi bavuga ko abasivile bane bapfuye hamwe n’abasirikare bane igihe ico gisasu caturika.

Kibaye igitero kigira kabiri gikomeye gikozwe na al-Shabab muri uku kwezi muri Somaliya. Igitero cagabwe kw’ihoteli i Mogadishu kw’italiki 10, muri uku kwezi kwa cumi na kabiri cahitanye abantu batanu.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG