Uko wahagera

Reta y'Ubufaransa Yemeye Kuganira na Sendika z'Abakozi


Abakozi mu Bufaransa mu myiyerekano yiyamiriza ihindurwa ry'itegeko ryo gukukuruka.
Abakozi mu Bufaransa mu myiyerekano yiyamiriza ihindurwa ry'itegeko ryo gukukuruka.

Reta y’Ubufaransa n’abaserukira sendika z’abakozi baratanguye ibiganiro kuri uyu wa gatatu kugira batorere inyishu ivyo badahurizako ku mugambi wo guhinyanyura amategeko ajanye no gukukuruka.

Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron yashikirije integuro y’ihinyanyurwa ry’itegeko rimaze imyaka 42 rishira imyaka yo gukukuruka kuri 62.

Abadashigikiye iryo hinduka bavuga ko abakozi baharurwa mu mamiliyoni bazosunikirwa gukora imyaka irenze imyaka 62 yo gukukuruka yemewe n’amategeko.

Uko kugomba guhindura iryo tegeko vyatumye abakozi bihereza amabarabara ku murwa mukuru Paris hamwe no mu bindi bisagara bikomakomeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG