Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Irasezeranira Amerika Akaganuke ka Noheli


Televiziyo muri Koreya ya Ruguru yerekana igisasu ca Misile carungitswe mu kirere.
Televiziyo muri Koreya ya Ruguru yerekana igisasu ca Misile carungitswe mu kirere.

Abahinga babona ko ibiganiro vya kidipolomasiya hagati ya Reta zunze ubumwe z’Amerika na Koreya ya ruguru bishobora guhagarara burundu. Ni mu gihe Koreya ya ruguru yashikirije ko izorungika ikigendajuru ca Misile kigenda ikirere kirekire nk’akaganuke ka Noheli kuri Amerika.

Umuhinga wo muri Koreya ya ruguru, Joshua Pollack, yashikirije ko ata kimenyetso kigaragara abona ko ico gihugu gikeneye kuganira na Amerika muri iki gihe.

Koreya ya ruguru yarongereje agasomborotso mu kugerageza misile 13 kuva mu kwezi kwa gatanu, mu twigoro two kugondoza Amerika gukuraho ibihano.

Mu gihe Koreya ya ruguru yogerageza iyo misile canke ibisasu vya Nikleyeli, abahinga bibaza ko Amerika ishobora kwishura ikoresheje inguvu za gisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG