Uko wahagera

USA: Abantu 11 Baramaze Gupfa muri Ibi Bihe vy'Imbeho Nyinshi


Umunyagihugu ari ku maguru mw'ibaraba ryaguyemwo amaneje mu gisagara ca Indianapolis, muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, kw'itariki 15/12/2019.
Umunyagihugu ari ku maguru mw'ibaraba ryaguyemwo amaneje mu gisagara ca Indianapolis, muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, kw'itariki 15/12/2019.

Muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, abantu 11 nibo bamaze gupfa mu masanganya yo mw'ibarabara muri ibi bihe vy’imbeho n’amaneje atuma amabarabara anyerera.

Abategetsi mu ma reta yo mu burengero bwo hagati hamwe no mu buraruko bushira ubuseruko bahanura abagendesha imodokari kutaja mu mabarabara, mu gihe kuva muri reta ya Kansas gushika New Hampshire hitezwe amaneje menshi ateye ubwoba muri ibi bihe.

Ikigo kijejwe kugendereza ibihe muri Amerika kiragabisha ko abantu barenga imiliyoni 53 vyitezwe ko bazobangamirwa n’ivyo bihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG