Uko wahagera

Turukiya n'Amerika Baragabishanya


Umushikiranganji wa Turukiya ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Mevlut Cavusoglu.

Muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, komisiyo ijejwe imigenderanire n’ayandi makungu mu nama nshingamateka yemeje kuri uyu wa gatatu ingingo zishobora gufatira ibihano Turukiya kubwo ibitero vya gisirikare ico gihugu cakoze mu buraruko bwa Siriya. Turukiya izohanwa kandi kuko yaguze ku Burusiya ibirwanisho vya Misile.

Iyo nteguro y’itegeko yemejwe mu gihe umushikiranganji wa Turukiya ajejwe imigenderanire n’amakungu, Mevlut Cavusoglu yagabishije ko Turukiya nayo ishobora kubuza igisirikare c’Amerika gukoresha ikibuga c’indege ca Incirlik kiri mu bumanuko bwa Turukiya, hafi ya Siriya.

Ico kibuga kuva kera camye ari kimwe mu bishimangira imigenderanire hagati y’Amerika na Turukiya.

Mu gihe bamwe mu basenateri bemeje iyo nteguro bavuga ko kabaye akaryo ko kurungikira ubutumwa Turukiya, ko ikwiye guhindura inyifato, abandi bavuga ahubwo ko bigiye gutuma ibiganiro hagati y’Amerika na Turukiya bigorana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG