Uko wahagera

Guterres: Uburenganzira bwa Muntu Ntibwubahirizwa kw'Isi


BM Genel Sekreteri Antonio Guterres
BM Genel Sekreteri Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yashikirije kuri uyu wa kabiri ko hari igihengeri kinini hagati y’ibisabwa n’amasezerano mpuzamakungu y’uburenganzira bwa kiremwa muntu hamwe nuko ubwo burenganzira bumeze mu bihugu vyo kw’isi.

António Guterres yabishikirije ku cicaro ca ONU mu gihe amakungu yariko yibuka umusi mpuzamakungu wahariwe uburenganzira bwa muntu.

Guterres aranegura ibihugu bizivya abaharanira agateka ka muntu, cane cane abakorana na ONU bakubaguwe abandi bagafungwa.

I Washington, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Pompeo yashikirije ijambo ry’uwo musi, yagiriza Ubushinwa, Irani, Siriya na Venezuela kuba bibangamira agateka ka muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG