Uko wahagera

Perezida Trump Abandanya Ahakana ko Ata Kibi Yakoze


Perezida Donald Trump avugana n'abamenyeshamakuru, agira yerekeze muri Texas

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yashikirije ko atari kwiyumvira ko abademokrate bokwemeza kumwegekako ivyaha vyotuma ashobora gukurwa ku butegetsi, ashikiriza ko ata kibi yakoze.

Trump yabibwiye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, inyuma yaho abashingamateka bari bamaze gutangaza ingingo zibiri bishimikije mu kurega Trump.

Trump yahakanye kandi ivyashikirijwe kuri uyu wa kabiri n’umukuru wa komisiyo y’abashingamateka ijejwe ibibazo vy’ubutungane, Jerrold Nadler ko Trump yasavye Ukraine kwivanga mu matora y’umukuru w’igihugu mu mwaka uza.

Ivyaha bibiri Perezida Trump yagirizwa ni ugukoresha nabi umwanya w’umukuru w’igihugu ku nyungu ziwe bwite hamwe no kutorohereza imirimo y’inama nshingamateka.

Iyo komisiyo ubwayo izobanza kwemeza izo ngingo biciye mu matora, imbere yo kuzirungika mu nama ya bose y’abashingamateka, igenzurwa n’abademokrate, kugira zemezwe.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG