Uko wahagera

USA: FBI Yari Yemerewe Gutohoza kuri Trump n'Uburusiya


Justice Airline Merger
Justice Airline Merger

Umugenduzi mukuru mu bushikiranganji bw’ubutungane muri Reta zunze ubumwe z’Amerika ashikiriza ko ibiro vy’inyamiramabi FBI vyari mu kuri igihe vyatanguza amatohoza, inyuma yo kwikeka ko abariko barafasha Donald Trump mu bikorwa vyo kwiyamamaza mu 2016 hari imigenderanire bari bafitaniye n’Uburusiya.

Ni muri Raporo yasohowe kuri uyu wa mbere, n'ubushikiranganji bw'Ubutungane, yavuze ko abategetsi ba FBI bari bafise ivyemeza bikwiye kugira ayo matohoza yemererwe gutangura.

Ariko mugenduzi, Michael Horowitz, yaneguye ibiro FBI kuba vyarakoze amakosa aya canke ayandi muri ayo matohoza.

Ibiro FBI vyatanguje ayo matohoza mu kwezi kw’indwi mu 2016, inyuma yo kuronka amakuru ko reta y’Uburusiya yoba iriko iragerageza gufasha imyiyamamazo ya Trump mu gusohora amabanga ari mu butumwa bwa email Uburusiya bwivye komisiyo y’igihugu y’abademokrate, yari kwononera umukandida w’abademokrate bariko barahiganwa, Hillary Clinton.

Iyi raporo ije ivuguruza Trump hamwe n’abarepublikani bamushigikiye bamye bagiriza abategetsi ba FBI kuba batanguje ayo matohoza mu ntumbero ya politike yo kurwanya Trump mu gushaka kumukura ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG