Uko wahagera

USA: Umurwi w'Ubutungane Urajya Impaka ku Birego Bishinjwa Trump


Jerrold Nadler (ukuriye abademokrate) ayoboye umurwi w'ubutungane mu nama nshingamateka, naho Douglas Collins akuriye abarepublikana muri uwo murwi.
Jerrold Nadler (ukuriye abademokrate) ayoboye umurwi w'ubutungane mu nama nshingamateka, naho Douglas Collins akuriye abarepublikana muri uwo murwi.

Mu nzu Inama nshingamateka ikoreramo, abademokrate hamwe n’abarepublika barongoye umurwi w’abashingamateka ujejwe ibibazo vy’ubutungane, uyu musi ku wa mbere, bashikirije ivyiyumviro bihushanije vy’ukuntu babona ivyaha vyagirizwa Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump.

Impari zerekeye ivyo birego zashikirijwe, zabaye akataraboneka mu myaka yose 243 Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimaze. Bwabaye ubugira kane gusa prezida wa Amerika atohojwe ku birego bikomeye bishobora gutuma akurwa ku butegetsi.

Abaprezida babiri ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ni bo bonyene bamaze kwagirizwa ivyaha nk’ivyo. Yamara nta n’umwe muri bo yigeze akurwa ku butegetsi biciye muri iyo nzira.

Umukuru w’uyo murwi w’abashingamateka, Jerrold Nadler, yagirije Prezida Trump ko yashize inyungu ziwe imbere y’iz’igihugu. Yavuze ko Trump yasavye igihugu c’Uburusiya ngo kimufashe mu gutsinda amatora ya prezida mu mwaka w’ 2016, akongera agasaba ko igihugu ca Ukraine kimufasha mu matora ategekanijwe mu mwaka w'2020.

Yamara umurepublikani ari muri uyo murwi, Doug Collins ashigikiye Prezida Trump, yavuze ko naho Trump yari yasavye ko Ukraine gitohoza uwahoze ari visi prezida Joe Biden, ico gihugu ata kintu cakoze mu vyo casabwe, kandi cahavuye kironswa n’imfashanyo. Umushingamateka Collins yavuze ko ata kintu na kimwe cotuma Prezida Trump yegukirwa n’ivyaha yagirizwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG