Uko wahagera

USA: Ubwicanyi ku Basirikare muri Florida Ryoba ari Iterabwoba?


Abakora iperereza b'ibiro vy'inyamiramabi FBI.
Abakora iperereza b'ibiro vy'inyamiramabi FBI.

Bamwe mu bashingamateka ba Reta zunze ubumwe z’Amerika basavye kuri uyu w’Imana ko inyigisho za gisirikare ku basirikare ba Arabiya Sawudiye ku butaka bw’Amerika zoba zirahagaritswe.

Ni inyuma y’ubwicanyi bwabereye ku kambi y’abasirikare barwanira mu mazi mu gisagara Pensacola muri reta ya Florida bwahitanye abasirikare batatu b’Amerika ku musi wa gatanu.

Alshamrani Mohammed, w’imyaka 21 wo mu gisirikare ca Arabiya Sawudite kirwanira mu kirere yararashe mw’ishure bariko bigishirizwamwo, yicamwo abasirikare b’Amerika batatu barwanira mu mazi, akomeretsa abandi 8 imbere yuko araswa n’igiporisi.

Ibiro vy’inyamiramabi, FBI vyashikirije kuri uyu w’Imana ko biriko biratohoza bitumbereye kumenya ko coba cari igitero c’iterabwoba.

Umwami wa Arabiya Sawudite, Salman yashikirije ko ubwo bwicanyi bushingiye kurwanko ariko ko uwabikoze atatumwe n’abanyagihugu ba Arabiya Sawudite.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG