Umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok yatangaje kuri uyu w’Imana ko igihugu ciwe cagabanyije abasirikare baco muri Yemeni, aho bari mu runani mpuzamakungu rurongowe na Arabiya sawudite, rushigikiye reta ya Yemeni.
Hamdok ashikiriza ko mu ntango Sudani yari ifiseyo abasirikare 15000, bagabanijwe gushika ku 5000. Yabishikirije agishika i Khartoum, inyuma y’urugendo rw'imisi itandatu yari amazemwo Reta zunze ubumwe z’Amerika.
Bubaye ubwa mbere umutegetsi wa Sudani ahishura igitigiri c’abasirikare bari mu ntambara muri Yemeni.
Omar al Bashir akiri ku butegetsi, ni we yafashe ingingo yo kurungika abasirikare muri Yemeni gufasha kurwanya abarobeli bashigikiwe na reta ya Irani.
Facebook Forum