Uko wahagera

Senateri w'Umurundi Arafunzwe Azira Gushaka Kwica Umugore We


Umukenguzamateka Gédéon Gahungu
Umukenguzamateka Gédéon Gahungu

Abantu barenga cumi mu Burundi bakomerekejwe n’umukenguzamateka inyuma yo guhakwa kugandagura umupfasoni wiwe n’umushitsi w’umugabo yasanze ku muhana iwe uri muri karitiye Gatunguru iherereye muri zone Kinama mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru Ijwi ry’Amerika rikesha abanyagihugu babonye uko vyagenze yemeza ko umukenguzamateka Gédéon Gahungu atashe iwe yasanze umugore wiwe yicaranye n’umushitsi w’umugabo mu nzu, aca afata agafuni kari mu muduga wiwe arakabahondaguza.

Gahungu amaze kwikeka ko akoze ibara yaciye yatsa umuduga arahunga agenda aragonga abo bahuye n’ico bahuye cose, aza guhagarara ari uko umuduga wiwe uguye mu muferege.

Umuvigizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza mu Burundi, Pierre Nkurikiye yemeje ivy’iryo nsanganya, avuga ko mu bakomeretse babiri baremvye.

Nkurikiye yemeza ko uwo mukenguzamateka yahavuye afatwa ubu akaba ari mu minwe ya polisi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:32 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG