Uko wahagera

Amasendika y'Abakozi mu Myiyerekano mu Bufaransa


Abafaransa mu myiyerekano
Abafaransa mu myiyerekano

Ubufaransa buri mu myiteguro yo guhangana n’imyiyerekano mu gihugu cose kuva kuri uyu wa kane ishobora kuzingamika ubuzima bw’igihugu.

Amasendika y’abakozi ahamagarira abanywanyi bayo kugarariza umugambi wa Perezida Emmanuel Macron wo guhindura amategeko mu bijanye no gukukuruka.

Ku murwa mukuru Paris, igiporisi categetse ko amaduka, amazu y’uburiro hamwe n’amabarabara vyugarwa kuri uyu wa kane.

Umukuru w’igiporisi c’i Paris Didier Lallement yashikirije ko abaporisi 6000 baza kuba bari ku mirimo, mu gutinya ubugizi bwa nabi hamwe n’ivyosamburwa.

Amategeko y’Ubufaransa agenga ivyo gukukuruka yamwe kuva na kera ari ntahangarwa. Igihe hageragezwa kuyahindura mu mwaka w’1995, vyarateye imidugararo gushika aho Perezida w’ico gihe Jacques Chirac yemera ko aneshejwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG