Uko wahagera

Amerika Yemeza ko Yafashe Misile za Irani Zigana muri Yemeni


Misile muri Yemen mw'isanamu yasohowe n'aba Houti mu kwezi kw'icenda, italiki 17, 2019
Misile muri Yemen mw'isanamu yasohowe n'aba Houti mu kwezi kw'icenda, italiki 17, 2019

Ubwato bw’intambara bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bwarafashe ico bise ivyuma vya Misile vya Irani bihishije vyari bigiye ku barwanya reta ya Yemeni, nkuko vyashikirijwe n’abategetsi ba Amerika kuri uyu wa gatatu.

Amerika yamye yagiriza Irani guha ibirwanisho abarwanyi b’abahuti bamaze imyaka ine barwanya reta ya Yemeni. Ariko ubu ni ubwa mbere ibirwanisho vy’ubuhinga bukomeye nk’ivyo bifatwa bija muri Yemeni.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw'Amerika bwo kwivuna abansi, Sean Robertson, yavuze ko amatohoza y’ibanze amaze kwerekana ko ivyo birwanisho bifise amamuko muri Irani.

Abategetsi b’Amerika ntibavuze ibirwanisho vyafashwe uko bingana, ariko bavuga ko vyari vyinshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG