Uko wahagera

Amerika na Sudani mu Kunagura Imigenderanire


Umushikiranganji wa mbere wa Sudani Abdalla Hamdok agendera Komisiyo y'inama nshingamateka ijejwe ivy'imigenderanire n'amakungu, i Washington, Italiki 04/12/2019

Reta zunze ubumwe z’Amerika na Sudani bagiye kuzohanahana ukundi gusha aba ambasaderi ku ncuro ya mbere, inyuma y’ikiringo c’imyaka 23 ivyo bihugu ata ambasaderi baserukira ibihugu vyabo bafise. Ivyo vyashikirijwe na Mike Pampeo, umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, kuri uyu wa gatatu.

Iri tangazo ribaye mu gihe umushikiranganji wa mbere wa Sudani Abdalla Hamdok yari mu rugendo rwiwe rwa mbere i Washington.

Muri uru rugendo, Hamdok arondera gushigikirwa n’Amerika mu rugendo igihugu ciwe cafashe rugana ku ntwaro ya demokarasi, inyuma y’aho Omar al-Bashir akuriwe ku butegetsi.

Hamdok yizeye kandi ko Sudani izokurwa ku rutonde rw’ibihugu bifasha iterabwoba ico gihugu cashizwemwo n’Amerika haraheze imyaka 25.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG