Uko wahagera

USA: Ivyagirizwa Perezida Trump Vyashizwe Ahagaragara


Raporo y'abademokrate muri komisiyo ijejwe iperereza yerekana ivyagirizwa Perezida Trump vyotuma yokurwa ku butegetsi, Washington, itariki 12/03/2019.
Raporo y'abademokrate muri komisiyo ijejwe iperereza yerekana ivyagirizwa Perezida Trump vyotuma yokurwa ku butegetsi, Washington, itariki 12/03/2019.

Abashingamateka muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bagiriza Perezida Donald Trump kuba yarigenjeje nabi no kubangamira ibikorwa vy’abashingamateka.

Abashingamateka babishikirije muri raporo yasohowe kuri uyu wa kabiri na komisiyo y’inama nshingamateka ishinzwe ibibazo vy’iperereza, igenzurwa n’abo mu mugambwe w’abademokrate.

Babishikirije bihweje ibikorwa Trump yakoze mu mezi atari make, mu twigoro two gukoresha ububasha ahabwa n’ibiro vyiwe mu gusaba imfashanyo y’abanyamahanga ku nyungu ziwe bwite kugira atsinde amatora yo mu 2020.

Abarepublikani muri Kongere bavuga ko ata gaciro bayiha, ko abademokrate ata na kimwe batoye cotuma Trump yokurwa ku butegetsi.

Abashingamateka b’abademokrate bagiriza kandi perezida kuba yarabangamiye imikorere y’abashingamateka mu gupfukira amakosa yiwe.

Umuvugizi wa perezidanse, Stephanie Grisham yahakanye ibiri muri iyo raporo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG