Uko wahagera

Afuganistani: Perezida Trump Yasangiye n'Abasirikare Thanksgiving


Perezida Donald Trump afise isahani y'imfungurwa za Thanksgiving mu rugendo yabagendeye giturumbuka muri Afuganistani, itariki 28/11/2019
Perezida Donald Trump afise isahani y'imfungurwa za Thanksgiving mu rugendo yabagendeye giturumbuka muri Afuganistani, itariki 28/11/2019

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yagendeye kuri uyu wa kane abasirikare b’Amerika muri Afuganistani. Urugendo atashimye ko ruja ahabona, mu gihe uyu musi nyene abanyamerika bahimbaza umusi mukuru wo gushima, bita “Thanksgiving”.

Perezida Trump yahaboneye akaryo ko gutangaza ko reta yiwe igiye gusubira mu biganiro vy’amahoro n’Abatalibani, kandi ko uwo muhari w’abarwanyi wemeye guhagarika kurwana.

Aya makuru atangajwe haheze hafi amezi atatu Trump ahagaritse giturumbuka ibiganiro vyari bimaze umwaka wose izo mpande zibiri zija zegereje gutera igikumu ku masezerano agamije guhagarika intambara ndende Amerika imazemwo igihe kirekire.

Ntaco Abatalibani barashikiriza kuri iryo tangazo rya Perezida Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG