Uko wahagera

Perezida Trump Yoba Ariko Arikurako Avoka Wiwe?


Perezida Donald Trump ariko yumviriza Avoka wiwe Didy Giuliani

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Perezida Donald Trump asa n’uwuriko aragerageza kwitandukanya na Avoka wiwe, Rudy Giuliani, hamwe n’ivyo yakoze muri Ukraine.

Mu kiganiro yahaye Televiziyo Fox y’aha muri Amerika ku musi wa kabiri, Trump yarahakanye ko yategetse Giuliani ivyo akora. Abajijwe ico Giuliani yari gukora muri Ukraine, Trump yishuye avuga ko atabizi.

Mu kiganiro yagiranye kuri telephone kw’itariki 25 z’ukwezi kw’indwi, Trump yabwiye Zelenskiy ko ashobora kuvugana na Giuliani kandi ko abizi kandi abishoboye.

Giuliani niwe yasavye Ukraine gutohoza kuri Joe Biden, yigeze kuba icegera ca perezida kandi ashobora kuzohiganwa nawe mu matora yo mu 2020.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG