Uko wahagera

USA: McGahn Yategetswe na Sentare Kwitaba Abashingamateka


Uwahoze ari umuhanuzi muri White House, Donald McGahn.

Sentare ya Reta ya Amerika yategetse ko uwahoze ari umuhanuzi muri perezidanse, Donald McGahn abwirizwa kwumvira akitaba komisiyo y’abashingamateka iriko iratohoza ku vyaha Perezida Donald Trump yoba yarakoze, bishobora kumukura ku butegetsi mu gihe vyomwagira.

Umucamanza Ketanji Brown Jackson yashikirije kuri uyu wa mbere ko perezida ata bubasha afise bwo kubuza McGahn canke uwundi mutegetsi wese yahoze canke agikorera mu biro vya perezida ngo bareke kubazwa ibijanye n’iyo dosiye.

Abandi banse kubazwa n’abashingamateka barimwo umushikiranganji w’imigenderanire Mike Pompeo, uwahoze ari umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu John Bolton, na Mick Mulvaney umunyamabanga mukuru mu biro vya Perezida White House.

McGahn yabaye umuhanuzi muri White House gushika atanze imihoho mu kwezi kw’icumi 2018. Izina ryiwe ryaravuzwe muri raporo yakozwe n’umushikirizamanza adasanzwe Robert Mueller, inyuma y’amatohoza yari agamije kumenya ko Uburusiya bwakoranye n’abari mu bikorwa vyo kwamamaza Trump mu guhungabanya amatora yo mu 2016.

Kubw’iyo raporo, McGahn yabwiye abariko baratohoza ko Trump yamusavye kwirukana Mueller, mu nyuma arahakana ko Trump yabimusavye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG