Repubulika ya demokarasi ya Kongo n’inteko za Monusco ziri kubungabunga amahoro muri ico gihugu bagiye gutanguza hamwe ibikorwa vya gisirikare bigamije gukomeza umutekano mu gisagara ca Beni, mu buseruko, nkuko vyashikirjwe n’ibiro vya Perezida kuri uyu wa mbere.
Abategetsi mu ntara ya Kivu y’uburaruko bafashe ingingo yo kubuza abanyagihugu gutembera mw’ijoro muri Beni no mu micungararo, inyuma y’aho abanyagihugu bakoreye imyiyerekano ku kambi y’abasirikare ba ONU.
Umuvugizi wa gisirikare, Colonel Mak Hazukai yemeje ko abansi bitwaje ibirwanisho binjiye mw’ijoro muri karatiye ya Boikene bica abanyagihugu umunani.
Ubwo bwicanyi bwegetswe ku barwanyi bo mu muhari Allied Democratic Forces, ADF, ufise amamuko muri Uganda.
Facebook Forum