Uko wahagera

Muri Gineya Batanguye Guharura Ivyavuye mu Matora


Baharura amajwi mu matora muri Gineya Bisawu, 2019
Baharura amajwi mu matora muri Gineya Bisawu, 2019

Uguharura amajwi yavuye mu matora y’umukuru w’igihugu vyaratanguye muri Gineya Bisawu, igihugu kitigeze kironka agahengwe k'umutekano kuva kicikukira ku bukoloni bwa Portugal, haraheze imyaka 45.

Perezida Jose Mario Vaz ariko arondera ikindi kiringo c’imyaka itanu. Ni we mu perezida yashoboye kurangiza manda yose adatewe coup d’etat canke ngo yicwe.

Uwo bahiganwa mu baharurwa kw’icumi afise igihagararo, ni uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Domingos Simoes Pereira. Bose uko ari babiri baremera kwemera aho abanyagihugu bazoshira.

Mu gihe ata mukandida yokwiza amajwi arenga 50 kw’ijana, babiri ba mbere bazongera guhiganwa mu kwezi kuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG