Uko wahagera

USA: Umushingamateka Nunes Yoba Ari muri Dosiye ya Ukraine?


Ushingamateka w'umurepublikani, Devin Nunes, wo muri komisiyo ijejwe iperereza
Ushingamateka w'umurepublikani, Devin Nunes, wo muri komisiyo ijejwe iperereza

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Devin Nunes, umushingamateka wo mu mugambwe w’abarepublikani kandi ari mu barongoye Komisiyo iriko iratohoza ku vyaha Perezida Donald Trump yagirizwa, yanse kwishura nimba yarabonanye n’uwahoze ari umutegetsi muri Ukraine, kandi ko yatororokanije n’amakuru ku muhungu w’uwahoze ari visi perezida Joe Biden.

Umushingwamanza Lev Parnas, asanzwe yarakurikiranywe n’ubutungane kandi afitaniye imigenderanire na Rudolph Giuliani, umushingwamanza bwite wa Trump, yabwiye ibinyamakuru kuva kuwa gatanu ko Nunes yabonanye n’uwahoze ari umushikirizamanza mukuru wa Ukraine Victor Shokin i Vienne muri 2018.

Iki kirego kizotera amahane kuko Nunes ata nama n’imwe yo mu bashingamateka yigeze abivugamwo, mu gihe kandi muri iyo komisiyo asanzwe arwanira Donald Trump ku bivugwa n'abariko baramwagiriza.

Nunes yama yiyamiriza aya matohoza agamije kumenya nimba Trump yaraciye kubiri n’amategeko mu kuremera Ukraine gutanguza amatohoza. Ayo matohoza iyo yari kuba yari gushobora kwonona izina ry’umudemokrate Biden, ashobora guserukira uwo mugambwe mu guhangana na Trump mu mwaka uza.

Abademokrate bavuze ko mu gihe ibivugwa na Parnas kwoba ari ukuri, Nunes ashobora gukurikiranwa n’abashingamateka kuba yaraciye kubiri n’akarangamutima k’abashingamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG