Abategetsi muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, bavuga ko abantu bashika 26 bapfuye igihe indege yakoroka haheze umwanya muto ihagurutse kuri uyu w’Imana.
Iyo ndege y’abantu 17 yakorokeye hafi y’ikibuga c’indege c’i Goma. Mu bapfuye hari abo yasanze ku butaka igihe yakoroka.
Abategetsi bavuze ko iyo ndege yarimwo ingenzi 17 hamwe n’abakoze bayo babiri, kandi bari bagiye i Beni, ku bilometero 320 mu buraruko bwa Goma.
Facebook Forum