Uko wahagera

Indege Yakorotse i Goma Yahitanye Abashika 26


Abanyagihugu b'i Goma baraba indege ntoya iriko irasha inyuma yo gukoroka. Isanamu yafatiwe i Goma kw'itariki 24/11/2019
Abanyagihugu b'i Goma baraba indege ntoya iriko irasha inyuma yo gukoroka. Isanamu yafatiwe i Goma kw'itariki 24/11/2019

Abategetsi muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, bavuga ko abantu bashika 26 bapfuye igihe indege yakoroka haheze umwanya muto ihagurutse kuri uyu w’Imana.

Iyo ndege y’abantu 17 yakorokeye hafi y’ikibuga c’indege c’i Goma. Mu bapfuye hari abo yasanze ku butaka igihe yakoroka.

Abategetsi bavuze ko iyo ndege yarimwo ingenzi 17 hamwe n’abakoze bayo babiri, kandi bari bagiye i Beni, ku bilometero 320 mu buraruko bwa Goma.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG