Ikigega c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku bana UNICEF gitangaza ko abana barenga 1000 bishwe muri Siriya mu mwaka w’2018. Wabaye umwaka wapfuyemwo abana benshi kuva intambara itanguye muri Siriya mu 2011.
Uwuserukira Unicef nuri Siriya, Fran Equiza yashikirije ko no muri uyu mwaka bishobora kuba nkuko. Mu kwezi kw’icenda, ONU yatohoje ivyaha 1800 vyakorerwe abana muri Siriya birimwo bakubagura, kubica, kubakomeretsa, kubinjiza mu gisirikare hamwe no kubanyuruza.
Muri raporo yayo, UNICEF ivuga kandi ko abana barenga imiliyoni zitanu muri Siriya bakeneye imfashanyo kandi ko abarenga igice cabo bahungiye hagati mu gihugu.
Facebook Forum