Uko wahagera

Isirayeli Ishobora Kwinjira mu Matora Ubugira Gatatu


Umukuru w'umugambwe Blue and White, Benny Gantz mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Tel Aviv, Israel. Isanamu yafashwe kw'italiki 20/11/2019
Umukuru w'umugambwe Blue and White, Benny Gantz mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Tel Aviv, Israel. Isanamu yafashwe kw'italiki 20/11/2019

Uwahoze ari umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare muri Isirayeli, Benny Gantz yabwiye perezida wa Isirayeli, Reuven Rivlin kuri uyu wa gatatu ko yananiwe gushinga reta y’ubumwe. Ni icerekana ko Isirayeli igiye kuzosubira mu matora ku ncuro igira gatatu.

Bubaye ubwa mbere muri kahise ka Isirayeli abakandida batowe na perezida bananirwa gushinga reta.

Ico cuka ca politike catanguye inyuma y’amatora yabaye mu kwezi kwa kane n’icenda. Umushikiranganji wa mbere wo mu mugambwe Likud, Benjamin Netanyahu na Gantz wo mu mugambwe Blue and White, bose basa nuko banganije intebe mu nama nshingamateka mu matora ahitiye. Ntawashoboye gutsinda uwundi.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG