Uko wahagera

RDC: Sentare Yaciriye Uwo Guherayo Frederic Masudi Alimasi


Abasirikare ku rugamba mu buraruko bwa Goma.
Abasirikare ku rugamba mu buraruko bwa Goma.

Sentare muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo, yaciriye umunyororo wo guherayo umukomanda w’ingabo yari arongoye umurwi w’abarwanyi ,Raia Mutomboki ku vyaha bihungabanya agateka ka muntu, harimwo gufata ku nguvu abakenyezi barenga 100 mu buseruko bw’igihugu.

Frederic Masudi Alimasi, azwi kw’izina ry’iritazirano rya Kokodikoko, yagiriwe n’ivyaha vyo mu ntambara harimwo ugufata abakenyezi ku nguvu, gutanga ishano, kuboreza igufa, ubwicanyi, mu bitero mu mihana y’abanyagihugu mu 2018. Vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri na sentare ya gisirikare mu gisagara ca Bukavu.

Umuhari Raia Mutomboki watangujwe mu 2005 mu ntumbero yo kurwanya Abahutu bavuye mu Rwanda, kandi uracari umwe mu mihari yitwaje ibirwanisho ikomeye mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG