Uko wahagera

Ubuhamya ku Vyagirizwa Perezida Donald Trump Burabandanya


Ambasaderi Kurt Volker na Tim Morrison, bariko bishura abashingamateka kw'iperereza ririko rikorwa kuri Perezida Donald trump
Ambasaderi Kurt Volker na Tim Morrison, bariko bishura abashingamateka kw'iperereza ririko rikorwa kuri Perezida Donald trump

Umusi w’ejo wa kabiri wabaye umusi muremure kandi waruhishije abashingamateka i Washington. Komite ijejwe iperereza mu nama nshingamateka yumvirije mu kiringo c’amasaha arenga 11 abantu bane bafise ivyo bazi ku vyagirizwa Perezida Donald Trump.

Humvirijwe ivyabona bine, batatu muri bo bariyumviye ikiganiro Perezida Trump yagiranye na perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskiy kuri telephone kw’italiki ya 25 z’ukwezi kw’indwi, aho yamusaba gutohoza kuri Joe Biden, umudemokrate bashobora kuzohiganwa mu matora yo mu 2020.

Lieutenant Colonel Alexander Vindman, umuyobozi ajejwe ibibazo vy’Ubulaya mu kanama k’igihugu kajejwe umutekano yarumva, yavuze ko ivyo Trump yavuze bitari bikwiye kuvugwa kandi ataho bihuriye n’inyungu z’igihugu mu bijanye n’umutekano.

Jennifer Williams, umuhanuzi wa visi perezida Mike Pence mu vy' imigenderanire n’amakungu, nawe yarumvise ivyo Trump na Zelenskiy bavuganye kuri telephone, yavuze ko gusaba itohoza kuri Biden bitari bimenyerewe kuko ari ukwivanga muri politike y’Amerika.

Inyuma y’umuhingamo, iyo komisiyo yarumvirije Kurt Volker, yahoze ari intumwa idasanzwe y’Amerika muri Ukraine. Volker yavuze ejo kuwa kabiri ko inyuma yo kwumviriza ivyavuzwe n’ibandi yemeza ko hariho isano hagati yo guhagarika imfashanyo za gisirikare kuri Ukraine no gutohoza kuri Biden.

Abandi babiri bumvirijwe barimwo Tim Morrison, yahoze ari mu bategetsi bakuru mu kanama k’igihugu kajejwe umutekano gakurikirana ibibazo vy’Uburusiya

Ibindi vyabona bitatu vyumvirizwa kuri uyu wa gatatu, harimwo ambasaderi w’Amerika mu muryango w’ubumwe bwa Bulaya, Gordon Sondland, yitezwe ko azi vyinshi kuri politike y'Amerika kuri Ukraine n’uko ico gihugu cagoberewe na Trump gutohoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG