Uko wahagera

ONU Ibabajwe n'Uko Trump Yababariye Abasirikare Bakoze Ubwicanyi


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Donald Trump

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka ka muntu vyamiriye kure ibigongwe Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yahaye abasirikare batatu b’Amerika bagirijwe ivyaha vyo mu ntambara. ONU ivuga ko ivyaha vyo mu ntambara ari ivyaha bitababarirwa.

Umuvugizi w’ibiro vya ONU bijejwe agateka ka muntu, Rupert Colville, avuga ko abo basirikare batatu baciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu, harimwo kurasa mw’ikoraniro ry’abasivile no kwica imbohe zafatiwe ku rugamba.

ONU yavuze ko ingingo ya Perezida Donald Trump yo kubabarira abo basirikare ari ubutumwa bubi bwarungikiwe abasirikare bari mu bice bitandukanye kw’isi. Yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ivyaha vyo mu ntambara arivyo vyaha bikomeye kuruta ibindi kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG