Muri Bolivia, habaye ugutana mu mitwe gushasha mu murwa mukuru kuri uyu wa gatatu, mu gihe uwitangaje ko ariwe mukuru w’igihugu w’imfatakibanza yari yasavye gutunganya amatora yihuta. Ni inyuma kandi y’aho uwahoze ari perezida Evo Morales atangiye imihoho agaca ahunga igihugu.
Kuri uyu wa gatatu, abashigikiye Morales bashwaye amabarabara yo ku murwa mukuru, La Paz, hamwe n’ibindi bisagara, biyamiriza ubutegetsi bwa Anez.
Morales yashikirije aho ari mu buhungiro muri Mexique ko mu gihe abanyagihugu bomusaba gutahuka yiteguye kuja kugarukana amahoro muri Bolivia. Ni mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku murwa mukuru wa Mexique, Mexico City.
Abashingamateka bo mu mugambwe wa Morales baciganziye intebe muri sena n’inama nshingamateka, bari bateguye gukorana kuri uyu wa gatatu ngo bateshe agaciro Anez yitangaje ko ari perezida ariko bazibiwe n’igiporisi kwinjira mu ngoro y’amakoraniro, nkuko vyashikirijwe n’icegera c’umukuru w’abashingamateka Ruben Chambi.
Facebook Forum