Uko wahagera

Ubumwe bwa Bulayi Bwemeje Ikoreshwa ry'Urucanco rwa Ebola


Umwe mu barwanya Ebola kw'ivuriro ry'ahitwa Bwera hafi y'urubibe RDC ihana na Uganda. Isanamu yafashwe itariki 14/06/2019.
Umwe mu barwanya Ebola kw'ivuriro ry'ahitwa Bwera hafi y'urubibe RDC ihana na Uganda. Isanamu yafashwe itariki 14/06/2019.

Komisiyo y’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya waremeje urucanco rwa Ebola muri iyi ndwi. Ni igikorwa OMS ivuga ko gihambaye mu gisata c’amagara y’abantu kw’isi kandi kizogira akamaro mu kurwanya ico kiza.

Bubaye ubwa mbere urucanco rwa Ebola ruhabwa uburenganzira bwo gukoreshwa ahantu hose kw’isi. Intambwe igira kabiri igiye gukurikira n'uko rushimwa na OMS, kandi vyitezwe mu minsi iri imbere.

Urucanco rwa Ebola rusanzwe ruriko rurageragezwa mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo, aho Ebola yagaragaye. Rwarakoreshejwe mu gukingira abantu barenga 250000 mu ntara za Ituri na Kivu y’uburaruko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG