Uko wahagera

Mexique Yahaye Ubuhungiro Perezida Morales wa Bolivia


Perezida wa Bolivia Evo Morales atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru, ku murwa mukuru La Paz, Bolivia. Itariki 13/10/2019.
Perezida wa Bolivia Evo Morales atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru, ku murwa mukuru La Paz, Bolivia. Itariki 13/10/2019.

Igihugu ca Mexique cafashe ingingo yo guha ubuhungiro bwa politike uwahoze ari perezida wa Bolovia Evo Morales. Aya makuru yatangajwe n’umushikiranganji wa Mexique ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Marcelo Ebrard.

Ebrard yashikirije ko reta yiwe yabisabwe na Morales. Yavuze kandi ko Mexique kuva kera yamye ikingira abarondera ubuhungiro.

Kuva kuri uyu wa mbere, Boliviya nta mukuru w’igihugu gifise. Abategerezwa gusubirira Evo Morales babihabwa n’ibwirizwa shingiro bose nabo baratanze imihoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG