Uko wahagera

PAM Iragabisha Amapfa y'Inzara muri Haiti


Abagabo barwanira imfungurwa za reta i Port-au-Prince, Haiti, itariki 18/10/2019.
Abagabo barwanira imfungurwa za reta i Port-au-Prince, Haiti, itariki 18/10/2019.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mfungurwa PAM riragabisha ko igihugu ca Haiti ko kiriko kiregereza ibihe gishobora kwinjira mu mapfa y’inzara, aho umuntu umwe kuri batatu, ku miliyoni 11 ziba mu gihugu bakeneye imfashanyo zihutirwa.

PAM ishikiriza ko ubukene bw’ibifungurwa mu duce two mu gihugu hagati twa Haiti bwiyongereye ku rugero rw'ibice 15 kw’ijana kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze.

Mu ntango z’ukwezi kw’icumi niho hatangura imyiyerekano yiyamiriza iduzwa ry’ibiciro vy’ibitoro, ubukene bw’ibifungurwa hamwe n’ibiturire. Abantu baharurwa mu macumi barishwe abandi amajana barakomereka. Uko imyiyerekano yiyongera, niko basaba ko perezida Jovenel Moise atanga imihoho.

Mu gihe hatoboneka imfashanyo, PAM ivuga ko ibintu bizoyangara muri Haiti. Ivuga ko abakeneye imfashanyo bazokwiyongera gushika ku miliyoni zine mu ntango z’umwaka uza.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG